MENU

Fun & Interesting

KIRUNDI: Gukingira no gusukura ifira mu rugo rwawe | Preventing and Cleaning Up Mold in your Home

Video Not Working? Fix It Now

Ifira ni ubwoko bumwe bw’utuzinu (urubobi) dushobora gukurira aho hose hakanye, hari mwo no ku vyo kurya, ku bikoresho vyo kwubaka, ku mpuzu no ku bikoresho vyo mu nzu. Kuba hafi y’ifira birashobora kugira ingaruka ku buzima bwawe, ni ngombwa rero gutahura ingene worikuraho. Ifira rishobora gutera asuma, uburuhe, uburibwe bwo ku mubiri n’amaso aleriji n’ibindi. Ivyo umubiri wawe ukora iyo uhuye n’ifira bivana n’ubwoko bw’ifira, urugero rw’ifira, igihe umara uri hafi y’ifira, n’amagara yawe muri rusangi. Iyi video iratangura mu gutanga impanuro rusangi zo kwirinda no gukuraho ifira, hanyuma iravuga ivyo wokora iyo umwuzure uteye ifira mu nzu yawe. Nimba ukodesha aho uba, nuganire na nyen’inzu ku bijanye n’ingorane z’ifira. Iyo nyen’inzu yawe ataco akora kugira ngo atorer’ umuti ingorane y’ifira ushobora gutanga ikirego ku gisata ca Fire Safety (igisata kiraba ivy’umutekano w’umuriro). Niba ufise ibibazo ku bijanye n’uburenganzira bwawe, ivy’usabwa canke ubuzima bwawe nk’umukodesha ku bijanye n’ifira, hari abantu bogufasha. Hamagara Vermont Tenants kuri (802) 864-0099 canke ubarungikire imeyili kuri iyi aderesi kugira ngo uvugane n’umuntu ashobora kugufasha. Hariho n'ibindi vy’akamaro kuri uru rubuga: Gukura amazi n’ubukonje vyins hi mu nzu yawe birahambaye cane mu kwirinda ukugwira kw’ ifira. Raba neza ko wahomye ibisenge, imireko, amadirisha n’imiyoboro biva amazi kugira ngo amazi ntacemwo. Ni ngombwa ko amazi aguma kure y’umushinge w’inzu yawe, naho nyene. Imbere, urabe neza ko igikoresho cawe co kwumisha impuzu be n’ibikoresho vyo mu gikoni no mu bwogero bisunikira umuyaga hanze. Iyo inzu yawe ifise ubukanye bwinshi, urashobora kugura imashini yitwa dehumidifier kugira ngo ikure amazi mu mwuka, cane cane ahantu hari ubukanye nk’inzu yawe yo munsi y’ubutaka. Igikoresho co gukuraho ubukanye kizokwerekana urugero rw’ubukanye buri mu nzu yawe. Gerageza kugumiza ubukanye buri hagati ya 40 na 60 kw’ijana. Raba neza ko ukoresha ubwoko bwiza bw’ibikoresho vyo gukingira imbeho inzu yawe kugira ngo bifashe ibintu kuguma vyumutse. Gupima ifira si ngombwa canke ngo bibe vya nkenerwa. Ivyigwa ntibishobora kuvuga nimba inyubakwa itekanye canke idatekanye. Naho mu nyubakwa yawe hoba hariho ifira ringana gute canke bwoko ubuhe, ico ukeneye gukora ni kimwe: gukuraho ibintu bifise ifira, kwumisha aho hantu, no gutorera umuti ingorane y’amazi canke y’ubukanye. Ubusanzwe urashobora gusukura ifira wewe nyene iyo ahantu hari ifira hari munsi y’uburinganire bw’ibirenge 10 canke nk’imetero kare zitatu. Raba neza ko wikingira mu kwambara impuzu z’amaboko maremare, amapantalo, inkweto zikingira amazi, amaga, amarori, n’agapfukamunwa ka N95. Abana, abantu bafise ingorane zo guhema, n’abantu bafise ubudahangarwa bw’umubiri bugoyagoya ntibakwiye kuba bariho mu gihe co gusukura ifira. Koresha isabune n’amazi kugira ngo usukure ifira ku bintu bitinjiramwo amazi, nk’ipalasitike canke ibirahuri. Jugunya kure ibikoresho bishobora kwinjirammwo amazi bitagoranye nk’amatapi. Mesa imyambaro yashikiwe n’ifira umesa mu mazi ashushe uyitandukanye n’izindi mpuzu. Uhejeje gusukura ifira, sukura ahantu hosee ukoresheje imashini ikwega umwuka ariyo HEPA Vaccum. Ubu bwoko bwa Vaccum burafise utuyunguruzo dufata uduhimba dutoduto nk’inkungugu, intumuka iva ku bimera, ifira n’imigera. Kugira ngo ubone nimba igikoresho gifise akayunguruzo ka HEPA, raba igitabu c’amabwirizwa canke urubuga rw’uwagikoze. Nimba ifira ipfutse ahantu hanini harenga metero kare 10, ni vyiza guhamagara umuhinga mu vyo gusukura ifira. Nimba ukodesha inzu yawe canke ukora mu nyubakwa irimwo ifira, nuganire na nyen’inzu canke umukoresha wawe. Niyo ingorane y’ifira itatorerwa umuti, abakodesha barashobora gutanga ikirego ku gisata kijejwe gucungera umuriro. Abakozi bashobora guhamagara Ubuyobozi bw’umutekano n’ubuzima ku kazi bwa Vermont (VOSHA) kuri 1-800-287-2765. Niwiyumvire ko mu nzu yawe hariho ifira nimba yaruzuriwe n’amazi kandi itarumukijwe mu masaha 24 gushika kuri 48. Raba neza ko inzu yawe yumutse burundu inyuma y’umwuzure. Ifira izogaruka niyo inyubakwa yawe itumishwa neza. Koresha ibikoresho vyo gusukura bikoresha umuyaga Bishobora kwunguruzwa bifise utuyunguruzo twa HEPA, kandi ukoreshe amashashi y’ipalasitike kugira ngo ifira ntikwiragire. Ugurura amadirisha yose n’inzugi zose zija hanze maze ukoreshe ama ventilateri n’ibikoresho bikuramwo ubukanye kugira ngo umuyaga urengane neza. Koresha gusa ama ventilateur mu bibanza bipfutse canke kugira ngo ahuhire hanze, kugira ngo ntahuhire uduhimba tw’ifira hirya no hino mu nzu yawe. Kurikiza intambwe twavuganye mbere kugira ngo ukureho ifira mu nzu yawe. Ushobora gukenera gukoresha umuti wica imigera ahantu haciye amazi y’umwuzure kugira ngo wice imigera. Iyindi videwo irimwo inama z’uko wosukura neza inzu yawe irakina inyuma y’iyi videwo. Ubanze usukure ahantu n’amazi n’isabune, hanyuma ushire ho umuti wica imigera.

Comment